Mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 60 Uburundi bumaze bwikukiye, ishirahamwe Brarudi SA ryashimye guhindura ishusho y'ikinyobwa Primus. Ivyo bikaba vyabereye kuri uno wa gatanu 10/06/2022 k'umugwa mukuru Gitega ku cicaro cawo Bragita Chidumu Ayeni arongoye Brarudi ati: "Ishusho rishasha ririko amazina y'intara zose z'Uburundi n'amasanamu aranga intara." Ivyo vyakozwe kugira bifatanye n'abakunzi bico kinyobwa bari mu ntara zose z'igihugu mu kwigina isabukuru ya 60 y'ukwikukira. Ku nkaba nkako ico kinyobwa nico muvyeyi w'ibindi binyobwa vya Brarudi (catanguye gukorwa mu 1955) Ihimbazwa ry'imyaka 60 rishitse mu gihe ibice 60% vy'urudandazwa rw'ibinyobwa bwa Brarudi rugizwe na Primus Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka na Buramatari wa Gitega Venant Manirambona Iryo hinduka rizotangura kuva igenekerezo rya 10 Ruheshi kugeza mu mpera z'ukweze kwa Nyakanga Mwomenya ko urugezo rw'ubukari rutakozweko. Primus izoguma ikorwa muri za ngaburo nyene abakunzi bayo bamenyereye
Contact
Brarudi SA - Boulevard Ndadaye Melchior - BP 540 Bujumbura, Burundi
-
dummy(+257) 22 28 80 00/ 22 28 80 01
dummyinfobrarudi@heineken.com