Ishirahamwe Heineken Africa Foundation ribicishije kuri Brarudi bifadikanije na Rippleeffect ryatanguje icese kuri uyu wa 19 Gitugutu i Matana mu ntara ya Bururi umugambi wo gushigikira abarimyi mu guhangana n'ibibazo vy'ihindagurika ry'ibihe no kugwiza ubutunzi ku barimyi batobato mu Burundi Uwo mu gambi uri mu ntumbero nshasha ya Heineken yo gufasha abarimyi bato bato mu kubaronsa
uburyo bwo gutungishwa n'uburimyi hamwe no guhangana n'ihindagurika ry'ibihe Kubw'uwo mugambi uzomara imyaka itatu, imiryango 1 000 (igizwe n'abantu 6 000), yo mu gihugu hagati mu ma komine 2 ya Mugamba na Matana mu ntara ya Bururi, izoshigikirwa mbere n'iyindi miryango 3 000 ishikirwe biciye kuri iyo igihumbi, bisigura ko umugambi uzoshikira abantu bashika 24 000 bose hamwe Ku buryo bushika ama Euros 600 000 bwashizwe muri uyo mugambi, abo barimyi batobato bazoronswa inyigisho, imbuto hamwe n'ibitungwa bitobito kugira ngo bateze imbere uburimyi bwabo Zimwe mu nyungu zitezwe kuri uwo mugambi, harimwo gushigikira uburimyi mu buryo bubereye kandi butica ibidukikije hamwe no kugabanya ubusumbasumbane no kugwiza ubutunzi mu miryango izoheza ikaronka umwimbu w'umusesekara biciye muri uwo mugambi Uwo mugambi uzokomeza kandi imigenderanire myiza hagati y'imibano, amashirahamwe, abikorera utwabo hamwe na Reta kugira ngo hatsimbatare urunani mw'iterambere ry'igihugu cacu