🔴🚘 Kuri uyu wa 28/09/2023, twaratanguje icese umugambi "Volant Nayitanze", ugamije gukangurira abihereza urukanywa kwibuka gutanga volant y'ingendeshwa zabo iyo banyoye kugira bikingire impanuka n'amasanganya
✍🏽 Uwo mugambi uzomara imyaka itatu, kandi ukazoshirwa mu ngiro na #Brarudi dufadikanije n’igipolisi c’Uburundi aho dutegekanya ibi bikurikira :
1️⃣ Gutanga ibikoresho bipima urugero rw'inzoga umuntu yanyoye (alcootests) ku bajejwe igiporisi
2️⃣ Kuronsa imirwi y’abaporisi inyigisho zijanye no gukoresha ivyo vyuma (alcootests), ndetse no kurabira hamwe uko itegeko rijanye no kwikingira gutwara umuduga wanyoye ryorushirizaho gushirwa mu ngiro
3️⃣ Gukorana n'abafise ababakurikirana cane ku mbuga hwaniro (influenceurs), abatwara amashirahamwe yo kwiyunguruza, imboneshakure n'ama radiyo mu gushikana ubwo ubutumwa kure, ukwerekana amareresi mu gihugu cose mu ntumbero y'iryo himiriza.
📌 Muri Brarudi SA twipfuza hejuru ya vyose, kubandanya turondera iterambere rirama mu karere turanguriramwo imirimo, no mu gihugu cacu.