🌳 Brarudi twifadikanije n'ishirahamwe One Acre Fund twaratanguje umugambi wo gutanga ibiti bibana n’indimo mu ntara ya Muramvya
🌍 Muri Brarudi turitaho abantu hamwe n’isi tubako nkuko biri mu mico ituranga. Muri uno mugambi wo gushikiriza ingabire y'ibiti ku kiringo kinini, turiko turashigikira utwigoro twa Reta two gufasha abenegihugu bo hagati mu gihugu mu kugwiza umwimbu bisununure, ivyo bigakorwa ugukingira ibinyabuzima bidasigaye inyuma
Uwo mugambi ushigikiwe na Brarudi ugashirwa mu ngiro n'ishirahamwe One Acre Fund, uzozanira rimwe ibiti bibana n’indimo n’ibiti vy’ivyamwa bizohabwa abarimyi batobato bashika ku 2500. Intumbero nyamukuru ikaba ari iy'uko n'imiburiburi hazoterwa ibiti bishika 40.000, muri vyo hakitegwa ko ibingana 15000 bizoshobora gukura bikagumaho mu kiringo c’imyaka itanu
Mwomenya ko turiko turakorana na One Acre Fund kugira dufashe abenegihugu birimizi batobato kugarukira no kubungabunga uburyohe bw'isi ndimwa, no gusahiriza mu bijanye no gufungura neza biciye mu kubaronsa ibiti vy'ivyamwa bizotuma baninjiza akanoti ku kiringo gito eka ndetse n'ukuza barahembwa biciye mu gisata kijejwe gukingira ibinyabuzima PSE ku biti bizoba vyakuze neza
🌱 Si ivyo gusa, uwu mugambi ufise intumbero kandi yo gufasha abarimyi gutunganya amatuta eka mbere n'ubuhinga bujanye n'ukurima kijambere